AMAYAGWA , IMICO N’IMIGENZO MU BURUNDI
GUSHINGA URUGO
Gushinga urugo bisigura co kimwe no kwubaka urugo
Ivyo rero Bivugwa ku bantu babiri bemezanya kubana no gufatikanya kubandanya ubuzima bukurikira .
Kugira umuntu ishinge urugo rwiwe haraba intambwe zitari nke kugira umuntu kandi izo ntambwe zishingiye ku karanga hamwe n’imigenzo Uburundi bwari bushingiyeko..
1 KURESHA:
1.1.Umeresha, umuranzi.
Bari abantu babizigirwa n’imiryango ibri uwo ku mukobwa no kumuhungu aho bakora igikorwa co kuranga umukobwa bashingiye ku bwitonzi, ubukerebutsi , Ubuntu , ubupfasoni , umubano mwiza no kuba umntu w’inyankamugayo.
Kwari rero ukugenzura iyo nyifato iri mu miryango yompi
Aho se w’umuhungu bamaze kumugenekereza ahari umugeni vyarashika akahicisha agasaba umucanwa w’itabi canke akahugama imvura akigira nk’uwutahazi , kwari ukuraba uko bakira abashitsi , n’inyifato yabo , baja gushika kw’ijambo nyezina bamaze gushima urugo n’ivyaho.
Bimaze kuja mu buryo, wa muranzi yarashikira bene umwigeme akavuga iryo yatumwe, mu ntara zimwe zimwe bavuga ko vyabanza kubwigwa nyina w’umukobwa ahandi naho ngo vyabanza kubwirwa se w’umukobwa , ico twumva n’uko aho hambere n’uko umuhungu n’umukobwa bazobana batigera babonana Atari ku musi w’ubugeni
2.UGUSABA NO GUKWA UMUGENI
Uwo mugirwa wari unshingiye k’Uwusaba , n’wusabwa
2.1.Ivyo basobora gukwesha
Kera bakwa inka imwe , zibiri bivanye n’amikoro y’umwe umwe
N’umwami yarakwa ariko wewe yakwa inka nyishi co kimwe n’abatware bamwe bamwe bifise
Barashobora gukwa kandi n’inka bita inka y’icoganda: yaba ari inka ikiri munda , iyo ivutse baca bayishira uwo bayikwereye
Hari n’’ibindi bitari inka bakwesha : nk’umutwa yarakwa impene, amasuka. Imitita y’impuzu( za nyabiti), ubuyeye, imirringa, ibishiga vy’umunyu.
Inkwano rero ntitwoyita nk’ikiguzi c’umukobwa kuko umuntu nta kintu na kimwe kihari comugura ahubwo twovyita ishimwe
2.2.Akamaro k’inkwano
Inkwano Itera iteka umuvyeyi yavyaye , akarera , akaramura
Icerekana ko inkwano zari zifise akamaro kanini n’uko umukobwa avyaye atakowe ntiyigera yegukira uyo mugabo wiwe , n’ikimenyamenya abana b’uyo mugabo atakoye bitwa”inkurankobwa” bagatorana kw aba inarume ntibigera bitirirwwa umuryango w’ibuse.
- Icerekana ko gukwa aho hambere vyari bikomeye n’uko umukenyezi apfuye atakowe akaba afise abana , baramukwa yaramaze gupfa kugira ab’iwabo b’uyo mugore ntibace batwara abo bana yahavyaye .
3. UMUSI MUKURU W’UBUGENI
Se w’umuhugnu yaratuma umuranzi canke umukosha gutanga isango ry’ubugeni
Kera abageni bagenda ijoro, nki’yo baba baja kure , bagenda kare bakahashika aha mugahwijima k’umugoroba.
Umusi ugeze umukobwa yava ku ruhimbi , se yaba yataramutse akagenda kure eka n’umsi w’ubugeni niko yinyegeza ntiyarorera ibirori vy’ubugeni bw’umukobwa wiwe .
3.1.Kuva ku ruhimbi :
Iyo umugeni asohotse agiye kubaka bavuga ko avuye ku ruhimbi
Yerekezwa n’abagenzi biwe , ba inasenge , abasengezana , ba nyinabo ariko bakiri bato , basazawe .Carazira ko se w’umukobwa amuherekeza .
Umugeni avuye ku ruhimbi ntiyaca mu rundi rugo kiretse urw’umugabo wiwe canke kwa sebukwe , ntiyugama imvura, ntiyahonyora mu mazi , bayashitsemwo baramuheka.
3.2.UGUSIGA UMUGENI
Kwaba ari ukumutekerera impanuro no kumuca amahani hagiyemwo no kumusiga amavuta n;utuntu tumoga neza, ivyo yabikorerwa n’abatamakazi babunyoye bazi vyishi ,nta muntu atarubaka yegera aho hantu muri ico kiringo .
Iyo umukobwa yamaze kuja kubaka urwiwe hama akagirana ibibazo n’uwo bubakanye vyarashika ko arungikwa iwabo guhanurwa ivo bavyita :
3.3.INKA Y’EREMBO
N’inka babanza kumusanganiza imbere y’uko yinjira mu rugo azokubaka.Bayimusanza kw’irembo iyo nka yaba iherekejwe n’igisabo , abadafise inka babaha umwana w’umuhungu , aho ubu Christo buziye barashobora kubaha isanamu hagaheza kubona gushika ( yabiherezwa na wa muhungu bagiye kubakana )
3.4.Kubombekwa :
ni umugenzo wo gusubira iwabo iyo hari ivyagoranye mu rugo bagasubira kumuca amahani canke kumuha izindi mpanuro .Ivyo vyakunda gushikira abigeme baja kurongorwa bakiri bato canke bafyinishijwe iwabo, canke bafise ububegito
3.5.KUGERA IMBAVU N’UGUHUHANA IMBAZI
Ni umugirwa ukorwa aho umusore nyene kurongora hamwe n’umugeni wiwe baja kuburiri baherekejwe umwe umwe n’umusore hamwe n’umwigeme w’iwabo muri ico gihe umuziro ukaba uzirukanijwe .
Bukeye barafata imibazibazi( Yari amababi y’igiti c’umubazi camota /gutamirana/ kumoga neza bakayivugutira mu mbaya arizo nzato 2 , rumwe umugabo uwundi umugore bagatanguranwa kuzihuherana umubazi usigaye bakawusukanako , hamwe na hamwe baravuga ngo barabiranye , kandi ngo bakaba bivuye gutinyana muzi ko bataba basanzwe bazinanye .
Ince: Zari impuzu umugeni yaza yambaye bamwe babaherekeje bagenda batahanye bakazishira nyina w’umukobwa hamwe n’ishuri .Ivyo vyakorwa kugira berekane ko umukobwa yarezwe neza canke ko yatukishije umuryango .
Hari hamwe na hamwe bagemurira umukwe inzoga iyo bayita WAKORA
3.6.UGUHORORA.
Kera umugeni ashitse mu rugo ntiyavuga , ntiyafungura batamuhoroye .Umugabo yaramuhorora akamuha impunzu zindi ziyongera kuzo yaje azanye.
Uwundi yamuhorora yari sebukwe na inabukwe .Batamuhaye ntiyabavugisha niyo bamuhamagaye ntiyitaba.Aho rero sebukwe yamuha igitungwa canke ikivi co kurima , inabukwe nawe akamuha nk’ikirezi , umuringa ,,,,
Kurindira impororo kwari ukugira umwigeme ntashike yarekana ururimi rrurerure aho atabayee , kugira ntibamwite insimbarubebe .
4. IMISI MIKURU YAKURIKIRA UBUGENI
4.1 .Gusohora inkinga.
Inkinga: Ni imisi umugeni n’umugabo wiwe bamara baramye ataco bakora batera ryarenga.Ababanyi , incuti baza kubaramutsa no kubakeza , barya bakanywa bivanye n’uburyo bafise .Ico gihe bavuga ko bagiye KUBAGENESHA.
-Gusohora inkinga: Biravugwa kandi : Ni kurya ab’iwabo n;’umukobwa baza kumuramutsa imbere y’uko bamutwikurura bakaza bamugemuriye .
-Iyo umugeni amaze imisi ibiri canke itatu ashitse ugwiwe abo kwa sebukwe baramenyesha bamwana , bakazana inzoga , imbuto n’ifu yo gukoza ivyero , Bavyita Gushora inkinga
4.2 GUKOZA IVYERO:
Nyene kurongora n’umugeni bararika amazi, bagacumba ya fu ivuye iwabo w’umugeni isukiranije n’iyivuye iwabo w’umuhungu , mu gucumba bagakoranira uko ari 2 ku muhimbabweze bagacumibra rimwe bose , ntibarinda kubuhisha haba hariho uwubucumba bugasha, bobo baheza umuziro gusa , nukumenya ko umugeni atarabona izo mbuto n’iyo fu ivuye iwabo ntiyarya nta nico yasubira gukora.Abageni nib obo nyene basangira kuri wa mutsima ari 2.
Bahejeje bagaca baja gutera za mbuto inyuma y’urugo baherekejwe na nyina w’umuhungu n’izindi ncuti za nyene kurongora n’izindi ncuti za wa mugeni nka inasenge, mukuruwe canke mwenewabo aba hafi .
Nyene kurongo atwara umuhoro umugeni agafata isuka , nyina w’umukobwa agatwara ikirende cuzuye amazi yo kuvomera ivyo bazoba bahejeje gutera .Nyene kurongora aratema , umugeni nawe akarima , bagafata isuka bompi bagatera , inabukwe w’umugeni akabavugira bagifise ya suka ati” Murakarima ntimwirime, murarima aho bimera”.
Mugutaha umugeni atahana inkwi akazitahisha mu nzu , nyene kurongora agahitana ihumbi akaja gusobanya iruhande y’igikingi c’irembo , biheze baranywa gatoyi hama bakaba bahawe uburenganzira bwo kuja ku mirimo ya misi yose .
4.3.Gutwikurura
Kuva umugeni arongowe yaguma yitwikiriye gushika ab’iwabo baze kumutwikurura , niyo amaze kuva muri za nkinga twavuga aguma yitwikiriye gushika bamutwikurure , haravugwa mbere n’amajambo ajanye n’urwo rubanza ..
Se w’umukobwa aritegura agaterereza inzoga, hama hageze akarondera uwo atuma ijambo akazorishikiriza umusi wo gutwikurura dufate : musazawe .
Iyo uwakoye vyishi batamutwikuruje vyishi ngo caba ari igitutsi kuburyo n’abakobwa basigaye mu rugo vyabagora kuronka abagabo .
4.4.Amajambo yo gutwikurura
Inzoga nyen’urugo yaba yaraterereje ziba ziri mu mice 2 :
- Izigenda gutwikurura
- Izisigara kugira aterekera abamufashije urubanza : Mu gitereko c’umuryango ashimira abamufashije urubanza.
Abaja gutwikurura bakagema imibindi ku mutwe bashitse bakakirwa bagahabwa icicaro c’’iteka , muri ico gihe umugeni aba acitwikiriye hama musazawe niwe aca amufukura ku mutwe akaba atwikururwewe.Umugeni n’umugabo baherekejwe n’ivyabona vyabo batangura gusoma , ivyo biteze baratereka , bakavyina bongera batamba .Nyen’urugo ariwe se wuwarongoye agaca aha ijambo uwaserukiye se w’umugeni .
4.5. Ukuramukanya k’umugeni iwabo
Iyo umwigeme abamaze kubaka ugwiwe , mu kuja kuramukanya iwabo ubwa mbere baratwara inzoga kandi zitari zike , iyo ataravyara ntaca mw’irembo , wewe aca mu canzo akareka abo bazananye abagaca mw’irembo bagahurira mu rwinjiriro rw’inzu.
Se w’umukobwa aba afise urwato rurimwo imiti n’ibibabi vy’imigumya n’imimanda akamumijira, bakagerana ingasiro mu ruhanga , se akavuga ati : ‘Ese kwibonera bana , “umukobwa nawe ati : Ese kwibonera abavyeyi”.
Umukwe aherekeje umugore ajanye ubugeni iwabo ajana n’uwumuvugira ijambo ritumwe na se w’umuhungu , hari igihe na se w’umuhungu amwiherekereza akaryivugira.
Kugira tumenye impamvu zituma umukobwa iagiye kuramukanya iwabo adataca mw’irembo tubisanga munsiguro y’aka kavyino ko guhoza umwana
“ Hora se katihabwa hora katabona bose.
Kera naca mu canzo icanzo gica umugongo
Nonce nca mwirembo rimwe ricamwo abavyeyi.
Ariko iyo bishitse ntavyare haciye imyaka myishi baragerereza nk’igihe kitari gito akaruhira guca mw’irembo amajambo agasekera impande zose ,
Se w’umukobwa agaheza akamugabira INTAMA NYA MWERO hari aho iyo ntama itangwa na musaza w’umugeni .Kenshi na kenshi umugeni n’umugabo wiwe bagabana iyo nyana iyo yakoye inka .
Mugusozera murabona ko tutashizemwo uko amajambo avugwa muri izo ntambuko z’ugushinga urugo kuko beshi twama twatashe imanza tukumva uko amajambo avugwa ariko muri iyi nyandiko twashatse gusangiza urunganwe bimwe na bimwe bivugwa muri ayo majambo meza ariko tudatahura ico asigura n’ikibanza cayo mu Burundi bwacu .
Par Nzoyisaba Omer
Artiste /sociologue et entrepreneur culturel
-Igitabu cifashishijwe mukwandika :-Lydwine NYAMUSHIGWA,…Iwacu i Burundi : IJAMBO MU NTAMBWE Z’UBUZIMA BW’UMURUNDI.
-ibiganiro n’abakurambere