NZIMURURA: INTANGAMARARA 

 

  

 

IKIRERE C'IMPWEMU

 

   

 

UBURUNDI BUKIRI UBURUNDI

 

 

 

AHO ABAKORONI BASANZE UBURUNDI

 

 

 

UKO AMACAKUBIRI YAJE MU BARUNDI

Nzimurura!

 Intangamarara

        Umusi umwe abasare babiri bo muri Australia bahamije ubwato ku butaka bw’Igihugu c’Ubwongereza baca baja kwiyakirira mu kabare ko mu micungararo yaho. Barihereza bubakerako bacinezereza mu vyiza vy’ako kabare. Baborewe, bagenda barihenukako, mu gipfungu no mu mbeho yo mugitondo mu gisagara c’i Londres, barasohoka ngo baje gufata ubwato bitahire. Bakiri imbere y’akabare babona umuntu aje abagana ariko ntibamumenya. Yari umukuru w’abapolisi bajejwe ikivuko n’amazi wo muri iyo micungararo yambariye akazi.

          Abegereye baramubaza bati “Wa nyererezi y’umusare we, woshobora kutuzimurura?” Nawe ababajwe niyo mvugo yabo abaraba igitsure aca arabakankamira ati “ Ubu ga mwa bagabo mwe murazi uwo ndiwe!” ba bagabo nabo baca bararabana batwenga bati “ Noneho tuguye mu kaga! Ntituzi aho turi, uyu nawe ntazi uwo ariwe!”

Iyi nkuru ngereranyo ihuye n’abarundi bo muri iki gihe. Ntituzi aho turi, ntituzi n’abo turibo! 

          Igikino ca ninde iyo giheze hama haza umuntu abaza ati “ngo uwo yoba ari wewe? Uwundi ati, Oya si jewe. Nawe ati, “None yoba ari nde ga yemwe?” Ngo tuzosubira mu kiganiro gikurikira aho bazosubira kubaza ayo majambo nyene. Turetse ko boba bashaka gushikana ubutumwa mu gukebura uwumviriza mu kumubaza ko yoba yaritwaye neza canke nabi bafatiye ku gikino, ku rundi ruhande inyifato y’umuntu iva ku kuntu aba ameze. Ivyo navyo bivuga ko arikwo aba ari. Bibiliya, ijambo ry’Imana rivuga ko “uko umuntu yiyumvira mu mutima wiwe ariko ari”.

          Ivyiyumviro bivyara imvugo, imvugo ikavyara ibikorwa, ibikorwa bikavya akamenyero, akamenyero nako kakavyara umuco, umuco nawo ukavyara kamere, kamere ikarema amaherezo y’umuntu.

           Ni vyiza kwibaza ikibazo ngo “ndi nde?” kuko bigufasha, nk’umuntu afise ubwenge gusanganya (kujanisha) inyifato yawe nico uri. Iyo utiyizi urakoreshwa rimwe na rimwe ugakora n’ivyo udashaka ariko iyo wiyizi kenshi ukora ivyo wemera.

Nta kintu kibabaje kandi giteye isoni nko kubaho ico utarico 

  • Ak.1. Iyo uhuye n’umusazi ari gusa mw’ibarabara biragutera akabonge ukumva umwumviye impuwe ko yahuye n’ivyago. Ariko guhura n’umuntu muzima adasara akomeye neza ari amenya mw’ibarabara birababaza kandi birateye isoni, abantu bifata ku munwa bakumirwa. Uwo muntu inyifato yiwe ntiba ihuye n’ico arico.
  • Ak.2. Umuntu yavutse ari umuhungu afise ibimenyetso vyose vy’umuhungu (nk’ubwanwa n’ibindi) akaja mw’ibarabara yigize umukobwa, yambaye ivy’umukobwa, mbere yifata nk’umukobwa. Abantu iyo bamubonye barabivuma mbere bamwe barasesemwa bikabarenga kuko inyifato yiwe idahuye n’ico ari.

            Utwo turorero twose turerekana ukuntu gusa nico urico ari ikintu gihambaye mu bantu. Ariko kenshi umuntu arashobora gutakaza ico arico akabandanya kugendera muri ubwo buzimire, abamubona bakitwengera canke bakajingitwa bagatangazwa n’ukuntu umuntu afise ubwenge abandanya kuraramangana umugayo. Yamara abarundi uwo mugayo tuwuraramanganye imyaka irenga ijana.

 Ukuri kuco ndico 

  • Ico ndico ntigihindurwa n’ibihe: ubukene canke ubutunzi, indwara canke ivyago.
  • Ico ndico ntigihindurwa n’aho Mba: Afirika, uburayi, asiya, mu kirere, canke mu mazi.
  • Ico ndico ntigihindurwa n’abo turi kumwe: abize n’abatize, abakene n’abatunzi, abazungu canke abandi.
  • Ico ndico nticerekanwa n’igihagararo canke iforoma y’umubiri wanje.
  • Ico ndico si ngombwa gihure nico banyise ko ndi ahubwo ngomba gusuzuma nkamenya ko ico banyise gihuye nico ndi.

 

        Igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu vyo muri Afirika vyahinduriwe karangamuntu. Uburundi ni igihugu kitagira karangamuntu y’ukuri, kitazi ico kiri. Imyaka 100 iraheze abarundi duhinduriwe ico turi twambikwa karangamuntu zituroka kandi zidutega zigatuma tutava aho turi. Yamara benshi ntibabibabara ahubwo baguma baronderera inyishu z’ingorane z’abarundi ahatariho kuko uwutiyizi ntiyonamenya n’ico akeneye. Abarundi bafutanganirijwe inzira mu bice bibiri bikomeye cane: ikirere c’ Impwemu (imyemerere) n’ikirere c’ibigaragra ( ubuzima bw’igihugu)

 

  Dr Alphonse RUGAMBARARA,
  Rohero,
  BUJUMBURA, 
  BURUNDI

 Email: Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.
 Website: www.itorero.org

 

 

Mission et Objectifs

C’est une lutte avant tout contre soi-même, pour se reconstruire d’abord, reconstruire les autres, nos Nations et l’AFRIQUE par le Nationalisme, le Panafricanisme et la philosophie de l’UBUNTU

 « L’humiliation du continent africain ne réside pas uniquement dans la violence à laquelle l’Occident nous a habitués. Elle réside également dans notre refus de comprendre ce qui nous arrive » (Aminata TRAORE).