NZIMURURA: INTANGAMARARA 

 

  

 

IKIRERE C'IMPWEMU

 

   

 

UBURUNDI BUKIRI UBURUNDI

 

 

 

AHO ABAKORONI BASANZE UBURUNDI

 

 

 

UKO AMACAKUBIRI YAJE MU BARUNDI

Nzimurura: Uburundi bukiri uburundi

                     Mu gutahura uko uburundi bwari bumeze bukiri uburundi umuntu yokwishimikiza ibihe bitatu nyamukuru vy’uburundi. Igice ca mbere ni uburundi bw’imbere y’umuzo w’abakoroni, icakabiri ni uburundi bwo mu gihe c’abakoroni, ica gatatu ni uburundi bw’inyuma y’ukwikukira akaba aribwo Burundi turimwo uwu

Uburundi bw’imbere y’umuzo w’abakoroni

                       Aha twofata cane cane kuva ku mwami Ntare Rushatsi kugeza ku mwami Mwezi Gisabo. Ubwami bwa Ntari Rushatsi ntibwari bwabe uburundi buzokwitwa uburundi kuri Ntare Rugamba amaze kubwagura kuruta uko tubuzi uyu musi. Ubwami bwa Ntare rushatsi bwabana n’ubundi bwami bugizwe n’imiryango itandukanye. Aha twovuga nk’ubwamwi bw’abajiji, Abahinda, Abashubi, ubwami bw’Abagesera, Abanyakarama, Abenengwe, Ababanda, Ubugufi, Ubushingo. Ubuha n’Ubuyogoma bwari uturere. Ubuha buzohinduka ubwami bukomeye inyuma yuko umuhungu wa Ntare Rugamba azoja kubutwara hanyuma agaca abufatanya n’ubujiji. Ico gihe rero ubwami bwose bwari bugizwe n’imiryango. Imiryago yakomera cane gusumba iyindi mu karere kamwe yarashobora kwigaza ikitirirwa iyindi kuburyo akarere babamwo gahinduka ubwami kagatwara izina ry’umuryango ugwiriye aho hantu witwa. Ak. Ubujiji bwari bugwiriyemwo Abajiji, Ubuhinda bwari bwugwiriyemwo Abahinda. Hari n’igihe abantu bari muri ako gace biyitirira ico kibanza. Ak. Nk’abanyaruguru nuko baba muri Nyaruguru. Abenengwe nuko baba muri Bungwe.

Uburundi bwo mugihe c’abakoroni

               Aha ni kuva ku mwami Mwezi Gisabo kugeza ku mwami Mwambutsa Bangiricenge. Icogihe Uburundi buzogabanwa igice kimwe kije muri Tanzaniya no muri RDC (Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo) ku mvo z’uko abakoroni biyumvikaniye hagati yabo abarundi batagishijwe inama bagashiraho imipaka bisunze inyungu bakeneye n’ukuntu bizoborohera kuhategeka. Imiryango izotakaza agaciro yahora ifise abazungu bamaze kwifatira mu ntoke ubutegetsi, bazosenyura inkingi z’ubuzima bw’abarundi bateshe agaciro ibikorwa biha akaranga n’agateka umurundi maze bahindure icerekezo cabo, bababare, ariko bananirwe kwikura mu kinogo batawemwo n’abakoroni.

Uburundi bw’uwu musi

               Ubu ni uburundi bwo guhera ku ntahe y’ukwikukira kw’abarundi. Abakoroni bari bamaze kugenda ariko bazosiga mu burongozi abigishijwe umutima w’ubukoko, abantu batakigendera ku muco w’Ubuntu wa basokuruza, abarongozi bataye umurongo uburundi bwariko imbere y’abakoroni, bazosigara bararyana, bashire mungiro ivyo bigishijwe n’umukoroni bitandukanye n’umuco n’imitekerereze y’abasokuru. Abarundi bazibura, baziyoberwa, bananirwe muri vyose, bahinduke akamenyo mu mahanga yose kubera bahindutse nk’abana bugaraniwe mu nzu kandi naho urupfunguruzo runyegejwe muri nya nzu, kubera bishinga kuyiryaniramwo ntibarikura muri ako gasho imyaka igiye kuba mirongo itandatu (60). Ikizokwerekana ko abarundi bakuze bazohagarika gupfa ubusa barondere urupfunguruzo, bikure mu gasho, ico gihe bazova ibuzimu baje i Buntu. Umurindi w’ico gihe co gukura uriko urasamira, icompa nawe usoma aka gatabu ukaba uri mubawugize. 

Uko ubwami bwakurikiranye

                   Imbere y’umuzo w’abakoroni uburundi bwagize urukurikirane rw’ubwami bune (Dynastie) bwigarukako (cycle) incuro zine. Hatanguye umuzunguruko wa gatanu ntivyakunze kuko umwami yari yimye NTARE V NDIZEYE Charles yamaze ku butegetsi amezi atatu aca aragandagurwa.

 

Umuzunguruko wa mbere (I)

Umuzunguruko wa Kabiri (II)

Umuzunguruko wa gatatu (III)

Umuzunguruko wa gatanu (V)

1410-1457: NTARE I

RUSHATSI Cambarantama

1532-1567: NTARE II BIJANYARI

1628-1680: NTARE III

KIVIMIRA batazira Semugazashamba

1740-1820: NTARE IV

RUGAMBA batazira Rubogora

1457-1490: MWEZI I NYABURUNGA

1567-1581: MWEZI II MBIBE

1680 -1700: MWEZI III KAVUYIMBO

1820-1908: MWEZI IV

GISONGA batazira Gisabo

 

1490-1525: MUTAGA I

MUSANURA

1581-1620: MUTAGA II

NKOMATI

1700-1732: MUTAGA III

RUTAMO batazira Senyamwiza, Sebitungwa

1908-1915: MUTAGA IV

MBIKIJE

1525-1532: MWAMBUTSAI

Jabwe

1620-1628: MWAMBUTSA II

Ndaruzaniye

1732-1740: MWAMBUTSA III

MBONUBURUNDI

batazira Nyamubi

1915-1966: MWAMBUTSA IV

BANGIRICENGE

                    Bisa nkaho abambutsa batwara imyaka mike kuko ukuyemwo Bangiricenge yatwaye mu bihe bidasanzwe, aho abakoroni bariko barica umugenzo w’uburongozi bw’abarundi abasigaye bose batwaye imyaka 8 canke bakaja musi. Bivugwa ko umwambutsa yaza aje gutegurira umutare azomusubirira. Uburongozi bwiwe bwaba ubw’imfatakibanza (transition). Aya mazina (Ntare, Mwezi, Mutaga, na Mwambutsa) ni amazina y’ubwami. Abana b’umwami barabita amazina yabo hanyuma uwuzoja ku ngoma agaca afata izina ry’ubwami bukurikirana n’ubwo se yahoramwo.

Ak. Umwami Ntare yaravyara hanyuma mu bana biwe uwuzomusubirira ku ngoma hambavu y’izina ryiwe yaca yitwa izina ry’ubwami “Mwezi”, mugihe Mwezi nawe mu bana biwe uwuzomusubirira ku ngoma ku ruhande rw’izina ryiwe bwite yaca yitwa Mutaga, maze mu bana ba Mutaga uwuzomusubirira ku ngoma hambavu y’izina ryiwe akitwa izina ry’ubwami “Mwambutsa”, maze Mwambutsa nawe mu bana biwe uwuzomusubirira ku ngoma hambavu y’izina ryiwe akazotorana izina ry’ubwami “Ntare”.

               Uburongozi bw’abami bwari buteguwe neza kuburyo ikintu cose cari mu murongo waco. Abiru (abanyamabanga) nibo bategura uko ibikorwa vy’uburongozi bw’igihugu bigenda. Umwana azoba umwami bamutegura akiri muto agategurirwa igikorwa azokora amaze gushika ku ngoma. Ntare, nkuko iryo zina ry’ubwami ryitiranwa n’igikoko kiganza ibindi bikoko vyo mw’ishamba, yategurirwa urugamba mu nzira yo kwagura igihugu akigarurira ubundi bwami. Burunga bwatanguye ari ubwami buto cane ariko bugenda burifatanya n’ubundi bwami bwari buhakikije bose hamwe bahinduka igihugu kinini mbere kuri Ntare Rugamba uburundi bwararuta uko bungana uwu musi nuko abazungu babugabanije igice kinini c’igihugu cacu bacomeka ku bindi bihugu nka Tanzania na RDC. Mwezi, nkuko izina ryiwe harimwo ukwezi, yategurirwa kumurikira abarundi mu nyigisho zubaka, mu muco muzima, no mu mibanire y’abarundi.

                Mutaga nawe yategurirwa gukomeza no gutsimbataza ivyagezwekwo, mugihe Mwambutsa we yaza aje gusubiza abarundi mu bwami bwa Ntare. Ivyo ntibivuze ko umwami uyu canke uriya atashobora ku rwana canke kwivuna atewe. Gusa yaza azi ico aje kwibandako mu burongozi bwiwe.

Aho Uburundi bwavuye

             Ntare Rushatsi yitwa ko yafukuye uburundi yari umwana wa Jabwe ku bw’amaraso ariko akaba ari umwana wa Nsoro mu mategeko. Kahise kadonda ko Nsoro na Jabwe bavukana kandi ko Nsoro yatwara ubwami bw’I Bututsi mugihe Jabwe nawe yatwara Mugamba. Umusi urizina Nsoro adahari Jabwe nawe yoba yari yagiye guhiga imvura iragwa yugama kwa Nsoro hariyo muka Nsoro bararyamana havuka Rushatsi. Kubera gutinya guterwa n’ubwami bumukikije, umwami yagwiza ubucuti na mugenzi we begeranye mu guhana abageni. Rushatsi yakuriye muri ba inasenge mu bwami bw’Abjiji ariko mu myaka y’umwangavu aja kurererwa mu bwami bw’Abanyaruguru kwa ba inarume. Kubera ukutumvikana hagati ya Nsoro na Jabwe, ubwami bubakikije bwabafashije gukemura ingorane zabo mu kubasaba ko bohebera uburongozi umuhungu wabo Rushatsi nabo baravyemera. Uwasubiriye Ntare Rushatsi ku ngoma ni Mwezi Nyaburunga akaba Umuhungu wa Ntare Rushatsi.

               Ico gihe ubwami bw’ i Burunga bwari bukiri buto bukitirirwa Mwezi Nyaburunga. Mu rukurikirane rw’ubwo bamwi buzoza burifatanya n’ubundi bubukikije bukaja buraguka gutyo. Ubwami bwa mbere bwifatanije nabwo bwari ubw’abanyaruguru, ico gihe bwitwa ubwami bw’abanyenduga bwari bugizwe n’imiryango y’abanyakarama1, ababanda, n’abenengwe.

Abanyakarama ni umuryango uturuka kuri KARAMA, umuhungu wa kabiri wa MUNGWE, uwo niwe ubwami bw’abanengwe buvako. Ubwo bwami bw’abanyakarama bukaba bwategeka akarere ka BUYENZI (Ngozi). Ubwami bw’abenengwe nabwo bwahera muri Bungwe (ikibira ca Nyungwe), Bufundu (Nyamagabe ubu ni mu Rwanda), Busanza (ubu hitwa Huye ni mu Rwanda), Buyenzi (ahitwa Nyaruguru mu Rwanda na Banga/Busimba mu Burundi). Ubwami bw’ababanda nabwo bwitwa Nduga (ni Gitarama n’urwanda rwo hagati).

                  Mu ntambara zahuje abarundi n’abanyarwanda igice kinini c’abanyenduga n’ic’abanengwe (ababanda n’abanyakarama) cahavuye cegukira urwanda. Ubwami bw’abanyenduga buhinduka ubw’abanyaruguru bugizwe na yamiryango nyene y’Abanyakarama n’Abenengwe, n’Ababanda. Ubwo bamwi bwa Burunga n’abanyaruguru nibwo bwahavuye bwegeranya ubundi bwami bwose bwaje kugira uburundi bwa Ntare Rugamba. Ivyo navyo bigakorwa mu ntambara canke mu mwumvikano. Iyo ubwami bwaba bwiyumva bwarihagararako bukarwana ubwami butsinzwe bukayoboka ubwatsinze. Muri ukwo kwagura uburundi ubwami bw’Abahinda bwari bwaranse kuyoboka ubwami bwa Ntare Rushatsi bubandanya kurwana no kwigomeka kugeza aho bugondonzwa ariko ntibwashira igabo kugeza aho uwo muryango witwa ko wari uw’Abahima uteshwa agaciro kugeza aho babuza iyindi miryango kuwusaba canke kuwushingira umugeni. Niho havuye wa mugani ngo “umwami akubaza umuryango ntakubaza ico waraye uriye”. Uyo mugani warimwo insiguru nyinshi. Umuryango w’umuntu warivuga –uvuze umuryango wawe umuntu azi kahise yaca amenya uko uwo muntu ateye canke yifata muri rusangi: Ku mwami, umuryango w’umuntu watanga ubutumwa bw’uko wamurwanije canke ko wamufashije mu burongozi bwiwe, ukongera ukagaragaza ico umuntu ashoboye (turaza kubigarukako). 

                Ubwo bwami bwatwarira abanyagihugu bose bukagendera ku mahame yabugenga yatunganiriza bose atakinubwe. Naho atavyera ngo dee ariko ikintu kijanye n’amacakubiri ayo ariyo yose ntiyari bwigere avugwa canke ngo abeho imbere y’umuzo w’abakoroni.

 

 

 

  Dr Alphonse RUGAMBARARA,
  Rohero,
  BUJUMBURA, 
  BURUNDI

 Email: Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.
 Website: www.itorero.org

 

 

Mission et Objectifs

C’est une lutte avant tout contre soi-même, pour se reconstruire d’abord, reconstruire les autres, nos Nations et l’AFRIQUE par le Nationalisme, le Panafricanisme et la philosophie de l’UBUNTU

 « L’humiliation du continent africain ne réside pas uniquement dans la violence à laquelle l’Occident nous a habitués. Elle réside également dans notre refus de comprendre ce qui nous arrive » (Aminata TRAORE).