NZIMURURA: INTANGAMARARA 

 

  

 

IKIRERE C'IMPWEMU

 

   

 

UBURUNDI BUKIRI UBURUNDI

 

 

 

AHO ABAKORONI BASANZE UBURUNDI

 

 

 

UKO AMACAKUBIRI YAJE MU BARUNDI

 

Nzimurura: Ikirere c’Impwemu 

Ugutesha agaciro ukwemera Imana kw’abarundi

            Abarundi bemera Imana imwe rudende. Bizera ko Imana ifise umuserukizi bashobora gutuma ivyo bipfuza ko Imana ibakorera. Uwo nawe yitwa Kiranga. Mu gihe umwami yakora igikorwa co kurongora abantu Kiranga we yari ajejwe ivy’impwemu. Abantu bari bazi ko Kiranga adashobora kubaha ico bashaka ariko barizera ko kugira baronke ico bipfuza baca kuri Kiranga (Kiranga kiri umweru vuga duhabwe). Kiranga agaragara nk’umuvugishwa ku mwami kuko hari aho yagira inama umwami ico yokora igihe vyamucanganiyeko, akongera akaba nk’umuherezi ku bantu kuko yabasabira ku Mana ivyo bakeneye. Imvura iyo yatara mu gihugu baca baza kwa kiranga kugira abasabire imvura. Ariko hari n’igihe bitabaza abapfumu (abavurati).

                   Kiranga yari umuntu nk’abandi ariko iyo ageze mu gikorwa co gusaba Imana yaratwarwa akamera nkaho arimwo izindi mbaraga kandi yarafise n’abamufasha batari bari ku rwego nk’urwiwe mu bushobozi bw’ivy’impwemu n’ububasha. Ntiyari ijini canke idayimoni nkuko bamwe biyumvira. Yava mu muryango nk’abandi bantu bose naho umuryango yaturutsemwo tutawuzi. Ntiyari umurozi canke umupfumu. Yari nk’umukuru w’abapadiri (musenyeri) uko tumubona uyu musi –umuntu afasha abantu kubasabira ivyo bipfuza ku Mana. Amaze gupfa, Kiranga yahindutse nk’impwemu iza kwinjira mu muntu mu gihe c’ugusaba Imana. Izina “Kiranga” naryo ryahindutse ikimenyetso c’uwo muntu azosubira mu kibanza co gukora nk’uko Kiranga yakora.

              Kugira umuntu atahure ukwo Kiranga yari ameze yosoma Bibiliya y’abanyisirayeli kuvyerekeye abavugishwa. Umuvugishwa muri Isirayeli yari umuntu akomeye mu buzima bw’igihugu. Niwe yabwira abantu ivyo Imana yipfuza ko bakora canke ukwo bari bwitware. Niwe yabura ko inzara izotera mu gihugu. Niwe yamenya ko hoba hariho imigambi mibi y’ababisha itegurwa ku gihugu ca Isirayeri. Hari naho yagira inama umwami iyo vyamuyangaranye. Umuvugishwa yari umuntu w’ingirakamaro cane mu gihugu ca Isirayeri. Ariko agaciro kiwe kava ku kuba avugishwa ukuri. Iyo yavuga abantu bose baramwumvira kuko bari bazi ko ivyo avuga atari ivyiwe. Iyo batakora ivyo Imana yavuze baba bazi ko bizobagirako ingaruka zikomeye cane. Igihe baba batumviye Imana bakitwara uko idashaka ikabahana maze bakagaruka bakihana bagasaba imbabazi, Imana yaratuma umuvugishwa kubabwira ingingo yafashe – Ko yabababariye canke ko izobahana.

                   Uko abanyisiraeli basenga Imana turashobra kubona isano n’ivyo ayandi mahanga yakora cane cane nko mu Burundi (ukwemera Imana imwe, ukugira umuserukizi hagati y’iyo Mana n’abantu, ingabire idasanzwe ifasha mu gukemura ibibazo vy’abantu, ugukunda no gukora ku nyungu z’igihugu, iyo apfuye haraboneka abandi babandanya ivyo bikorwa, n’ibindi). Itandukaniro riri hagati ya Kiranga wacu nuko ku Banyisirayeri Imana ubwayo niyo yitoraniriza umuvugishwa ikamutegura ikamuha ubutumwa butarimwo amayeri canke amahinyu. Ivyo yavuga vyose vyarashika kandi kubera Imana, biciye muri Isirayeri, yari ifise umugambi kw’isi yose mbere ku kugeza ku muhero w’isi, hariho ivyo abavugishwa b’Imana bavuze vyagiye birasohozwa batakiriho hariho n’ibikiriko birashika mugihe cacu kandi vyavuzwe imbere y’ukuvuka kwa Yesu. Kiranga siko vyari bimeze. Kiranga yakunda abanyagihugu agafasha umwami gutwara ariko we akitwararika ivyo umwami adashobora gukemura (ivy’impwemu). Yakoresha amayeri menshi mugukemura ingorane z’abanyagihugu ariko akavyitirira Imana.

               Ak. Iyo nk’umuntu yabura uruvyaro yaraza kwa Kiranga ngo amuhe umwana. Abisabwe n’abagore benshi yaca abakorera imisa (kubandwa). Ico gihe yatumira abagabo batandukanye bo ngaho mu kigwati mbere na ba bagore bakazana abagabo babo. Haragera umwanya wo kwinezereza bagakora n’imibonano mpuza bitsina. Kubera baba bisize amabara biyoberanije, akenshi ntawamenya uwo babikoranye uwo ariwe. Iyo hagira abagore batwara inda baca bavuga ko Kiranga yabahaye abana canke ko Imana ya Kiranga yabishuye. Mu vy’ukuri ntiyaba yabishuye ahubwo nuko aba yakoresheje ubwenge akiyumvira ko hari aho wosanga ari umugabo w’umugore yoba atavyara. Igihe abo bagabo basanzwe bavyara bakuranwa kuri abo bagore hari aho bagenda babateye inda. Vyinshi mu bintu Kiranga yahanura abantu vyaba ari ubwenge bwo mu buzima busanzwe kandi bigakora. Iyo bitakoze naho biyumvira ko ari Imana yanse kubaha ivyo bipfuza canke ko hoba hariho iyindi mpamvu. Nko ku bapfumu ubushobozi bakoresha ntiberekana ko buva ku MANA ariko kuri Kiranga yabikora mw’izina ry’Imana. Dufatiye kuri ako karorero nico gituma mu vyiyumviro vy’abarundi bakera umwana yari uw’umuryango ari naco gituma baca imigani nka “mbwire gito canje gito c’uwundi cumvireho” canke ngo “umwana si uwumwe”.

                     Igice ca mbere c’Ubuzima bw’abantu (imbere y’ukuvuka kwa Yesu Kristo) Imana yarekeye abantu mu muzimagiza bikorera ivyo bashatse. Igice ca kabiri c’ubuzima bw’ibihugu, Imana yazanye umuco w’ubutumwa bwiza ishaka ko binjira mu muco wari ubakiye. Uyu musi turi muri uwo muco nico gituma hariho ibintu vyakozwe kera tutoba tugisubiramwo kuko umuco  w’ihanga ugenda urakura. Abarundi tworata ko muri ico gice ca mbere c’ubuzima bw’igihugu twari tuzi ko hariho Imana imwe Rudende.

 Ico abarundi bari basumbije ayandi mahanga ku vyerekeye Imana.

                 Ihanga ry’Abarundi riri mu mahanga make yo mw’isi yari azi Imana Rururema nk’Imana imwe rudende ikaba n’Umuremyi w’ivyaremwe vyose. Twari tuzi yuko hariho Imana n’abayikorera nka Kiranga mugihe amahanga menshi atavyo yari azi. Ayandi mahanga hafi yose yo mw’isi yaba ayo muri Asiya canke iburaya yasenga ibigirwamana vy’ibibazano canke ibibumbano nubu hariho abakibikora. Nta Mana bari bazi. Niyo mpamvu umuntu yotahura ko muri iyo myaka ya kera abarundi hari ahantu boba barahuriye n’ivyizerwa vyo gusenga Imana imwe nkuko abanyisirayeri bavyizera. Kuba basokuruza bacu bari bazi Imana muri ubwo buryo bigaragaza ugusirimuka kwo mu gwego rwo hejuru cane. Ni ikintu kitagira benshi mw’isi yo muri ico gihe.

 Bahageze baratangara!

                    Abazungu baje mu Burundi bazi ko batuzaniye ubusirimu bukomeye kugira baronke ukwo batujakaza. Baza bamwe nk’abakoroni abandi nk’abamenyeshamana. Bahageze basanga ku rwego rwo kumenya Imana, abasokuruza bacu bari imbere cane. Bari bazi Imana kandi banayisaba birabababaza cane. Basanga ntaco bogerako batabanje kwonona ukwemera kavukire. Kiranga bamugira umudayimoni akorera shetani, ibintu vyose yakora babigira ivya shetani. Uyu musi iyo twumvise Kiranga, iyo twumvise ibishegu, twumva ari ibintu vya gipagani. Igishegu ryari izina rihagarariye umuntu afasha umumenyeshamana mukuru nkuku kw’aba padiri naba pasitori ariko barihinduye izina ry’ibishirasoni (igishegu ni igitutsi gitukwa umuntu mu mazina y’igitsina cane cane ic’umugore).

                   Abarundi bafashwe ku gakanu no ku mayeri menshi bahavuye bemera kuyoboka Imana y’abazungu nkaho ari nshasha kuri bo kandi bari basanzwe bayizi. Amasengero yaragwiriye gakondo irasendwa. Umuco w’abarundi utangura kugenda uzimangana. Umuntu ntiyobabazwa n’uburyo bwo gusenga Imana bushasha twinjiyemwo kuko vyari bikwiye ariko ikibabaje cane nuko twatanye vyose nko kumesa ukamenana amazi mabi n’impuzu wayamesuyemwo. Twakiriye isezerano rishasha irya kera turariturira duca tubaho tutagira umushinge nkaho tutagira iyo twavuye, tumera nk’abantu bari mukirere batigeze bagira iciza na kimwe mu muco wabo arico gituma ivyo twubatse vyose bisenyuka kubera kahise kacu twakihakanye, twanka ibibi vyagakozwemwo tuvyankana n’ivyiza. Kurobanura ivyiza muriko twaravyirengagije!

 Mirana vyose

                   Abazungu bazanye ubutumwa bwiza mu Burundi ntitwobagaya ko batuzaniye ubutumwa ariko twobagaya ko batari bwatahure igikorwa c’ubumisiyoneri mbere ko benshi bari indyadya zibwiriza abandi ivyo zidakora. Bifashishije ijambo ry’Imana ngo bikunde batugire abaja babo. Bari abanyamacakubiri afatiye ku rukoba niyo mpamvu batari bwatahure igikorwa c’ubumisiyoneri. Baduhatiye mu muco wabo aho kuduha ijambo ry’Imana gusa kuko ryo ryihagije. Ni nko kuguha amazi bakagutegeka kuyamirana n’igikombe, aho kurya imfungurwa gusa ahubwo bakagutegeka kuziryana n’isahani baziguhereyeko. Baduhatira kubanza kumenya ururimi rwabo, tukavuga ukwo bavuga, tukitwara uko bitwara aho kuba aribo biga urwacu bakanubahiriza umuco wacu. Ntivyari ngombwa ko umuntu arinda kwambara ikositime agashirako n’ikaravati kugira aje gutanga ubutumwa bwiza. Sina ngombwa ko twambara amakanzu haba mu masengero canke mu misigiti ngo nuko tugiye gutanga ubutumwa bw’Imana. Iyo ni imico mvamahanga abakoroni baba abazungu canke abarabo badushizemwo. Naho uyu musi ipantaro n’ishati canke umupira (T-shirt) ari impuzu zahindutse umuco w’isi muri rusangi, ariko umuderi w’impuzu y’umurundi ni umutamana, imvutano, akabindo ku bakiri bato, imbega, n’izindi. Kuja gutanga ijambo ry’Imana mu mbega canke wakenyeye ni ukuba umurundi mu nyambaro.

 Impinduka zari zikenewe

                   Impinduka mu myemerere zari ngombwa ariko ntibivuga ko twategerezwa kwibagira ivyo twahereyeko vyose nkaho bitigeze kubaho kuko bigize kahise kacu. Ntawuhindura kahise ahubwo arashobora guhitamwo kwibera imbohe ya kahise kabi canke agahitamwo gutegura kubu kugira abe muri kazoza keza. Yamara kutamenya kahise no kugahakana ni uburyo bumwe bwo guhusha kazoza keza. Kahise k’abarundi kuvyerekeye Imana kari akarusho ugereranije n’ibindi bihugu vy’i Buraya, Aziya, na bikeya vyo muri Afirika. Umuco ugizwe n’ivyizerwa n’imigirwa kandi ivyo navyo birakura bivanye nuko abantu bagenda baramurikirwa. Umuzungu we yaje ashaka guhanagura no kwoza ivyizerwa vy’abarundi no gukuraho iciyumviro cose ca kera kugira abisubirize n’umuco n’ivyiyumviro vyiwe kugira bimushoboze kutugira abaja biwe ijana kw’ijana. Nivyo ko hariho nk’ivyo twofata ko vyari bibi nko gushorera kw’inka canke gutanga ikimazi c’umuntu iyo umwami mushasha yimye ingoma, ariko ntitwirengagize ko no mu yandi mahanga vyakorwa naho vyoba vyari bifise izindi mpamvu.

Ak. No muri isirayeri ivyo gutanga ibimazi vy’abantu hari aho vyaba. Umwami Manase yarabikoze mbere ku bana biwe bwite. Uwitwa Yefuta nawe yatanze ikimazi c’umukobwa wiwe mu gushitsa ico yari yarasezeraniye Imana. Yesu Kristo afatwa nk’ikimazi catanzwe gitangiwe abantu bo mw’isi yose kugira ntihaze hasubire gutangwa ikimazi caba ic’igikoko canke ic’umuntu ukundi.

                      Iyo rero umuntu agaye ivyo abasokuruza bacu bakora ntakwiriye kubikora ahagaze mu bishobisho n’ugutahura kw’uwu musi, akwiriye kubaza kwinjira mw’isi n’imitekerereze abasogokuruza bacu babamwo ico gihe. Uyu musi gutanga ikimazi c’umuntu ntivyemewe kuko impamvu yavyo yaraheze kuva aho Yesu Kristo yitanze nk’ikimazi c’abo mw’isi bose. Ugiye kuraba mu mico yabo abo bazungu bitwa ko batuzaniye ijambo ry’Imana, imbere yo kwakira ubutumwa bwiza ivyo bakora kari agahomerabunwa! Barakora ivyaha vy’ubumaka (homosexualite), bararongora ibikoko (bestialite), ubusambanyi hagati y’abana n’abavyeyi canke abavukana vyakorwa atacamira! Ivyo iwacu vyari muri kirazira mbere ntanukwo bimwe muri ivyo vyigeze biza no mu mitwe y’abasokuruza bacu. Nko muri isirayeri naho vyari muri kirazira. Iyo umuntu yamenyekanako ishano nk’iryo bamwicisha amabuye kuko n’uwukoze ku muntu yakoze bene ico caha yaca agibwako n’umuvumo. Iyo muri ivyo bihugu vy’abazungu vyemeza ubumaka (ubutinganyi), ukurongora ibikoko, ubusambanyi hagati y’abana n’abavyeyi canke abavukana baba bashaka kwisubirira mu mico bamyemwo kuva kera hose imbere y’umuzo w’ubutumwa bwiza. 

Ubutumwa bwiza muri Afirika

                  Abantu benshi biyumvira ko ubutumwa bwiza bwazanywe muri Afirika n’abazungu. Abazungu nabo bahagaze muri uwo mwanya wo kwiyemera cane mbere ibintu vyose vy’agaciro babihinduye ivy’abo. Amashusho ya Bikiramariya na Yesu Kristo mbere n’abantu nka bose bo muri Bibiliya bafise igikorwa c’inkoramutima baberekana nk’aho bari abazungu bo mu Buraya kandi atarivyo. Ivyo bigatanga ubutumwa bugaragara nkaho ata ciza na kimwe kiva muri Afirika uretse ibibi gusa.

                  Yamara abanyisirayeli bo mu gihe ca Mose bari bafise urukoba ruja gushusha n’urw’abirabura ufatiye no ku kuba bari bamaze imyaka irenga amajana ane muri Egiputa. Na Yesu Kristo ubushakashatsi bwemeza ko yari afise ishusho n’umubiri bija gusa niy’umwirabure gusumba uko yosa niy’umuzungu. Cane ko nawe yakuriye muri Egiputa avayo aja I Nazareti. Abo bazungu ntibazokubwira abantu nka Simoni w’I kureni yatwaje umusalaba Yesu. I Kureni ni muri Lybia y’uwu musi. Ntibazokubwira ivy’inkone y’umunyetiyopia yabwiwe ubutumwa na Filipo mu kinjana ca mbere. Ntibazokubwira ivy’inkuru iboneka mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa aho mu banyamahanga ba mbere babwiwe ubutumwa bwiza na Petero, intumwa ya Yesu, bari aho hakizwa abantu 3000 bari bagwiriyemwo abanyafirika bo muri Egiputa, Libuwa, Kureni (Ivyak.2:10). Abo nibo bazanye ubutumwa bwiza ubwambere muri Afirika maze n’abandi bigishwa bayobotse Yesu Kristo baca bajana ubwo butumwa mu bice vyinshi vy’I Buraya na Asiya ntoya. Inyuma y’ibinjana 19 niho ubutumwa bwongera kugaruka muri Afirika buzanywe n’abazungu ariko babufatanya n’ubukoroni, baturya baduhuha.

Imana n’Ubuntu

                       Ukwo kumenya Imana kw’abasokuruza bacu ntikwaherera mu majambo no mu mutwe gusa ahubwo kwarongora inyifato zabo mu buzima busanzwe. Bari bafise inyifato zibiri zirongora ubuzima bwabo aba kino gihe bataye. Babajije Yesu ibwirizwa riruta ayandi yagize ati, “ukundishe Imana umutima wawe wose, ubwenge bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose; hanyuma ukunde mugenzawe nkuko wikunda”. Amabwirizwa yose Yesu yayagabuye mw’ibwirizwa rimwe ariko naryo aricamwo ibice bibiri: iryo gukunda Imana n’iryo gukunda abantu. Naho tutazi aho bavyigishirijwe ariko ba sokuruza bacu baravyubahiriza. Bubaha Imana ukwo bari bashoboye mu bumenyi buke bari bafise bwayo ariko bakarangwa n’UBUNTU. UBUNTU nibwo bwabarinda gukoreranira ibibi canke ukwirengagiza uwundi mu kibazo.

                     Ubuntu bw’abarundi nibwo bwatumye barwanya Rumaliza n’abakozi biwe ntibashobora kugura abantu bajana kugira abaja mu bihugu vy’I Buraya, mu Barabo, no muri Amerika, nkuko urudandazwa rw’abantu rwariko ruraba i Zanzibar muri Tanzaniya n’ahandi henshi mw’isi. Abo bazungu bitwa ko batuzaniye uguhumuka ntibari bwanamenye ko umuntu ari ikiremwa gikwiye kwubahirizwa. Nibo bagira abaja abandi bantu bava amaraso bakagira umubiri ubabara nk’uwabo. Nta murundi yigeze ajakaza mugenzi we. N’abo abami bigarurira mu ntambara zo kwagura igihugu bahinduka abanyagihugu bagafatwa nk’abandi bantu bari basanzwe muri ubwo bwami nta mwami w’uburundi yigeze agira umuja umuntu numwe n’abakora iwe ntibari abaja ahubwo bari abakozi b’I bwami. Iyo baba bafise Ubuntu ntibari kuduhindura abaja babo!

         Ukwimenya nyakwo gutegerezwa guhera kuri kahise kacu. Dukwiye kumenya intege nke z’abasokuruza bacu ariko kandi tukanamenya n’ubuhizi bwabo. Ivyo nivyo abakoroni batashatse ko urunganwe rwo muri kazoza rumenya kuko vyoca bituvana mu buja tumazemwo imyaka irenga 100.

 

  Dr Alphonse RUGAMBARARA,
  Rohero,
  BUJUMBURA, 
  BURUNDI

 Email: Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.
 Website: www.itorero.org

 

 

Mission et Objectifs

C’est une lutte avant tout contre soi-même, pour se reconstruire d’abord, reconstruire les autres, nos Nations et l’AFRIQUE par le Nationalisme, le Panafricanisme et la philosophie de l’UBUNTU

 « L’humiliation du continent africain ne réside pas uniquement dans la violence à laquelle l’Occident nous a habitués. Elle réside également dans notre refus de comprendre ce qui nous arrive » (Aminata TRAORE).