Justice au Burundi en 1972 ?

 

COURRIER DES LECTEURS

 

Trois types de personnes

 

 

65-72 UN SYSTEME (poème) 

 

Pourquoi Tapons-nous Toujours à Côté!

 

 

EN COROLLAIRE A CE POEME

 

 

L'avenir se lit dans les yeux de la jeunesse

 

P.L. RWAGASORE inspire la jeunesse

 

   Nta mahoro kubanyavyaha!!!

 

   Il était une fois...au BURUNDI

 

   Ça va se savoir (1ère partie)

 

  Ça va se savoir (2ème partie)

 

LES 40 JEUNES MARTYRS DE BUTA

 

  LES GENOCIDES AU BURUNDI

 

Accord d'Arusha: Ce qu’il aurait fallu savoir

 

Critique de l'application d'Accord d'Arusha

 

        Les mystère du voyage

     

      Abarundi tugizwe n'Imiryango

 

 

 

 

 

 

 

 

      NTA MAHORO Y'ABANYAVYAHA ! 

                                                                                       TWIHANE !  TWUBAKE IGIHUGU CACU KU RUTARE

Iri jambo mugiye gusoma ryanditswe imbere y'amatora yo muri 2005, inyuma y'amasezerano y'i Arusha yari kugarukana amahoro n'umwumvikano mu Barundi. Haciye imyaka 15, ariko imitima y'Abarundi ntirahinduka, amacakubiri, ubwicanyi, ukwangazwa biracari kwakundi niba bitarushirijeho. Twashimye gutanga uru rwandiko ngo dukebure kandi Abarundi, bihane, bikebuke, bave mu muvumo barimwo, bave muri ibi vyaha!

Yari muri programme y'umugambwe MSP-Inkinzo y'Ijambo ry'Abarundi yo mu matora ya 2005. INYANKAMUGAYO ni itazirano ry'abanywanyi ba MSP-INKINZO ntakuyitiranya n'iyindi migambwe yaronse uburenganzira bwo gukora imbere y'amategeko inyuma yawo. Na MSP-INKINZO ntiyagendeye iryo jambo murico gihe, dukebuye Abarundi bose.       TWIHANE! TWUBAKE IGIHUGU CACU KU RUTARE

Barundi, Barundikazi, Nyankamugayo  aho muri hose.  Namwe mwese mushima ivyiyumviro vy- umugambwe MSP-INKINZO.  Ni tugire JAMBO, ijambo ry- ukuri ritsimbatare mu Burundi, mu Barundi!  Kuva aho abansi b-Uburundi n-abarundi bagandaguriye Umukuru w-igihugu Melchior NDADAYE, abandi bansi b’Uburundi bagashaka guhonya ubwoko bwabatutsi mu ntara  nka zose z-Uburundi ubwicanyi buhagaze ku moko bugahitana insinzi z’abahutu n-abatutsi n-abatwa, Abarundi baragerageje kuja mu biganiro vyo kurondera amahoro no gusubiza hamwe, ubwicanyi buhagarare,  Abarundi  batekane. Imigambwe yarashize imikono ku masezerano atari make, ayanyuma yari ay-i ARUSHA muri TANZANIA.  Imihari yabafashe ibigwanisho igwanya igisoda citirirwa abatutsi yarahagaritse ingwano.

 Ariko umengo vyose ni impfa gusa  amahoro ntayo tubona, umwumvikano mu vya politike, no mu mibano mu bantu ntawuhari. Ubwoba buracatekeye abarundi batari bake bamwe bagafata inzira yo guhunga  kandi batarasubira mu zabo kuva muri 1972 canke 1993. 

Mbe  Barundi, Barundikazi Mbe  Nyankamugayo ni kubera iki  dufata inzira idashika?  Mbe ni kubera iki abanyepolitike  tubandanya impari zidahera?  Ni kubera iki ubwicanyi, ugukumira, ukugayana, ugushira mu mvuto abandi  bibandanya, abategetsi bakabigira ubuhizi?

Barundi, Barundikazi, Nyankamugayo mwese, tubivuge tubisubire, abumva  bumve, iyo nzira idashika, idashikana Abarundi kuco bose banyotewe, ihagaze ku ngorane imwe ariko ikomeye : NTAMAHORO Y 'ABANYAVYAHA ! NTA MAHORO KUB'ANYAVYAHA !

 Mbega umuntu yoshobora gutanga ico adafise?  Ata mahoro ufise mu mutima, woyaha abandi gute?  Ico ubaha n’ubwo bwoba bwawe, n’ubwo bubisha bwawe!  Abanyepolitike bo mu Burundi batari bake, turi abanyavyaha!  Turakwiye kwihana turonke amahoro mu mitima, dushobore natwe kuyatanga ! Nayo ahandi, eka n-ukuri NTA MAHORO Y'ABANYAVYAHA !  Muti mbega ivyo vyaha n-ibihe?  Nti muvyirengagize mubizi, ariko biraza kutugora kubidondagura, ikigega c’ububisha  caruzuye kirarengwa!

(Twarumvise mumisi iheze Madame Denise BUCUMI avuga mugisabisho ciwe ivyaha biri mu Burundi, mubategetsi b'UBurundi. Ese Abarundi bokwumva bagahinduka, amahoro, umwumvikano, iterambere vyosasagara mu Burundi no ku Barundi) 

ICAHA CA MBERE:

GUHANAGURA IMANA MU CIVUGO C-UBURUNDI

N'UBUNTU MU MITIMA Y'ABARUNDI!

 Nicaha gihambaye cane kiruta ibindi vyose.  Abarundi bagikoze batazi ingaruka mbi yaco muni politike, mu mibano, mu kubaho kw-igihugu.  Kuva na kera, n-abazungu bataraza, Abarundi bamye bisunga IMANA, bakagendera UBUNTU, kari akaranga k'Abarundi!  Abarwaniye ukwikukira kw-Uburundi, bo bakunda Uburundi, baravyihweje bati icivugo c-Uburundi nticobura mwo IMANA.  Batora IMANA - UMWAMI - UBURUNDI!  Umwami yari Sebarundi, ubu dufise Sebahutu, Sebatutsi, Sebaganwa, Sebatwa, birateye isoni. Aho Rwagasore bamugandaguriye, bashimye kucandika kuri Mausolee, aho bashinguye Umuganwa Ludoviko RWAGASORE.  Abashimye gufuta ico civugo, bagafuta aho IMANA yanditswe, bakamufuta no mu mitima yabo n-iy-Abarundi batari bake, ntibazi ikibi bakoreye Uburundi n-Abarundi.  Tubivuge tubisubire, tutisubiyeko ngo dusubize IMANA aho twayihanaguye, dusubize UBUNTU mu mitima no mumibereho y'Abarundi, nti twizere amahoro mu mitima yacu no mu Burundi. Ibi tubivuze kuko Abarundi barenga 90% bari mu madini atandukanye yose y'igisha ijambo ry'IMANA. Ariko umengo Abarundi n'intumva kw'ijambo ry'IMANA no k'UBUNTU, turavye imyaka tumaze twicana, dutukana, twangaza Abarundi.  Mbe turusha iki ibindi bihugu bikomeye vyisunga akaranga kavyo, bigashira imbere IMANA.  Twotanga akarorero ka Amerika (GOD) canke Abarabu (ALLAH), Abayahudi (YAHWEH) bandika IMANA yabo no ku manoti yabo. Twikebuke lero, dusubize ibintu mu buryo, inzira zigororotse abe arizo dufata! Ata MANA y'Abarundi nta n'UBUNTU buhaba, mubimenye.

UBUNTU TWARAZWE NA BA SOKURU BUDUTEGEKA KWUBAHA NO KUGIRA UBUNTU KUKIREMWA MUNTU COSE KUKO DUSANGIYE UBUNTU!

ICAHA  CA KABIRI:

KUBA SINDABIBAZWA!

Imbere yo kubaza umwicanyi, igisuma, ico bakoze, reka tubaze Umurundi wese aho yari aho ibara ryarwa, ico yakoze kugira ibara ntirirwe canke ntirisubire? Mbega ko mwahebeye abanyepolitike igihugu canyu ngo babaryanishe mumarane, ngo bibe basahure igihugu batunge, mwebwe mukiri mu marushwa?  Mbe muzomenya ryari ko igihugu ari rwanyu, atari ic-akagwi kisunga ubwoko canke intara, umugambwe canke umuryango?  Va muri "SINDABIBAZWA" ushinge ijisho umunyepolitike, umutegetsi, niho atokora ibara rihitana abo mubana, abavukanyi!  Jijuka, umenye politike y- ukuri ico arico, s-ukuryanisha abantu, s-ugusahura igihugu, n-ugutunganya ivy-igihugu ku neza ya bose!  Va muri ico  caha "SINDABIBAZWA" ngo n-ivy-abanyepolitike!  Uzobazwa urya mwana yishwe azira ubwoko nawe atari we yabwihaye, uzobazwa itunga rya Leta ariryo ry-abanyagihugu ryasahuwe ubizi ntihagire ico uvuga, ukazorira wabuze umukate w-abana mu gihugu ataco cari kibuze!  Fata "lJAMBO", igihugu ni rwawe!  Utinye umunyororo, igitsure, ubukene n-urupfu muri kumwe!  Kugira ivy-igihugu bihinduke, banza uhinduke wewe nyene, umenye, ubone ko vyose bikwega, ntiwikumire wewe nyene.  Ufise ukuri, ukuvuge!  Va mu masengero, akenshi mujayo kuko mwihebuye, va mu birabo, mujayo ngo mwibagire ibibahanze, va aho mwinyegeje, muje aha bona, ahakorerwa ivy- igihugu, ntimuharekere abo mwama  mugaya. Ba "INYANKAMUGAYO”

 ICAHA CA GATATU:

KWIFUZA CANKE KUGIRA IHONYABWOKO!

Sagaseseshwa rumuri, Abarundi barishwe bahorwa ubwoko, Abatutsi, Abahutu Hariho abanyepolitike bavyiyumviriye, babishira mu ngiro, ntibabone ko ari umuvumo ku Burundi. Hariho abanyagihugu bakurikiye ivyo vyiyumviro, ukamengo hari ico bunguka, atari amarira, amaganya n'ubwoba. Hariho abagisigura iryo bara, kandi ata nsigaro woha ubwicanyi nkubwo! Hariho Abategetsi bakivuga ko ivyabaye vyosubira kandi bikarushiriza, ivyo bashaka bidashobotse! Hariho abadashaka kwibuka, kwunamira abishwe bahorwa ubusa ngo ni ubwoko, ntibabone ko kutibuka umweranda ngo ntimusangiye ubwoko, ari ukubandanya umuvumo ku Burundi no ku Barundi!  Ihonyabwoko ntiraba igtigiri, iraba, mu mategeko, iciyumviro co kwica canke kugabanya abandi kubera ubwoko bwabo!  Ubwicanyi buzana ubundi!  Twibuke 1965, i Bukeye, i Busangana, Abatutsi barishwe.  Abahutu mu nyuma barakurikiranwa baricwa! 1972, Nyanza-Lac, Rumonge, Kabezi, Bujumbura, Abatutsi barishwe, baromowe. Abakozi ba Leta b-Abahutu, abanyeshure i Kiremba, Rutovu, Athénée ya Bujumbura, Don Bosco i Ngozi, n- ahandi, barishwe barangazwa!  Ntarindi kosa bakoze atari ukuvuka mu miryango y-Abatutsi canke y-Abahutu!  1988: Ntega- Marangara!  1993 gushika n-ubu, Abatutsi barishwe mu ntara nka zose, barahigwa bu nyamaswa ngo bishe Umukuru w-igihugu.  Abihora barihoye, bakica Umuhutu naho ataco yabagize.  Mu myiyerekano ya politike yo guhagarika akazi bise "Ville Morte", hari abikitse mu kiza batabitumwe, barica, barangaza Abahutu mu Nyakabiga, ku Musaga, abandi  barica barangaza Abatutsi mu Kinama, mu Kamenge!  Umugambwe INKINZO Y'IJAMBO RY'ABARUNDI wariyamirije ubwo bwicanyi  naho abansi bawo bashaka kubiwushiramwo!  Ntitwibagire ivyabaye mu ntambara, i Teza, i Bugendana, i Buta, i Taba, ku mabarabara, aho hose ubwoko bwararondewe.  Iciyumviro co guhonya, co kwangaza carimwo kandi kiracahari!  Iyo muri propagande y-imigambwe itari mike bavuze kwikura ubuja, baba biyumvira ubwoko!  Nyabuna ni bikure ko ubuja bw-icaha, niho bazokira!  Mbe Barundi, mubona koko ko ari ubuhizi ivyabaye muri kino gihugu, muri kano karere kandi bikibandanya?  lyo nzira y- umuvumo muremeye muyibandanye, mu kwanka ko ukuri kuvugwa, mu kwanka kwemera iryo bara ryahitanye Abarundi ngo n- Abahutu, n-Abatutsi?  Kandi igitigiri sico gihambaye, iciyumviro c-ababigize, n-ugushaka guhonya, ku gabanya, kwangaza ngo bizizire igihugu, ubutegetsi n'ubutunzi bwaco!  Vavanure n- umutima w-ubunyamaswa, ni twihane, Uburundi busubizwe iteka, bisigaye biteye isoni kwitwa Umurundi, aberanda bahitanywe n-iryo bara baruhuke, ntibize bisubire, ubwoba butuvemwo!

 ICAHA CA KANE:

KWICA, GUTOTEZA, ABATEGETSI, ABANYAPOLITIKE!

Mbega umuntu mudasangiye ivy- iyumviro umuhora iki? Kutubahiriza ivyavuye mu matora, IJAMBO ry'Umurundi, twabigize akamenyero kuva 1961 gushika ubu. Akaranga k-Abarundi ko kwumviriza no kwubaha ijambo ry-uwundi twagashize he?  Nta gihugu kinganya Uburundi mu kwica Abategetsi baco, mu gutoteza, gufunga abanyepolitike, birateye n-isoni kubivuga!  Abategetsi bakuru bishwe: Umuganwa Ludoviko RWAGASORE, Umwami NTARE V, Umukuru w-igihugu Melchior NDADAYE Abashikiranganji ba mbere Petero NGENDANDUMWE, Yozefu BAMINA, Yozefu CIMPAYE, na Leopoldo BIHA ​​yahatswe, Umukuru w-Inama Nshingamateka Ponsiano KARIBWAMI n'icegera ciwe Gilles BIMAZUBUTE, Abashingamateka, Abashikiranganji, Abakuru mu gisirikare batari bake, AbamenyeshaMana nka Michel KAYOYA, Musenyeri Yohakimu RUHUNA, Musenyeri Paulo BURIRE, Musenyeri COURTNEY,  Padiri Gérard NZEYIMANA n-abandi muri 1965, 1969, 1972, kuva muri 1993 n- ubu!  Ahenshi, ubwo bwicanyi bwari buhagaze  ku moko! 

Abategetsi, abanyepolitike batotejwe: 1962, abakuru ba Syndicat barishwe;  1971, abitiriwe intara ya Muramvya barafunzwe, bahakwa kwicwa, barakurwa mu buzi barimwo!  Ku ntwaro z-agahotoro kuri MICOMBERO, BAGAZA, BUYOYA, ntawavuga politike ngo ntafungwe, nka M. NDADAYE, C. NTARYAMIRA, abapadiri nka G. BARAKANA n- abandi!  N-ubu agahotoro karacari ka kandi.  Intwaro irahinduka, naho bayitirira demokarasi, ingendo iguma ari ya yindi.  Polisi y-Umukuru w'igihugu ntiyahindutse muvyo ikora!  Kuva 1993 gushika ubu, abanyepolitike batari bake baratotezwa, bakabuzwa ijambo, bahorwa ivy-iyumviro vyabo, kutavuga rumwe na Leta, cane cane abashatse ihindurwa ry-intwaro ya UPRONA, ry'ubutegetsi muri UPRONA. Abarwanya ihonyabwoko ry-Abatutsi bahirwa bunyamaswa. Ni kuki Charles MUKASI yabujijwe kurongora UPRONA akama afungwa?  Ni kuki Diomede RUTAMUCERO yirirwa aritaba Sentare ku birego ataho bifatiye?  Ni kuki Dr Alphonge RUGAMBARARA, umukuru w- umugambwe MSP-INKINZO yafunzwe ngo yamenje (Kuko yashatse ibiganiro na FNL-PALIPEHUTU), akarekurwa atarubanza?  Niba dushaka kuja mu nzira ya demokarasi, aho kwubaha JAMBO ry- wundi ari itegeko, aho kizira gutoteza uwundi ku vyiyumviro vyiwe, nituvavanure n-izi ngendo zihitana ba kizigenza muri politike! Icaha co kwica, co gutoteza ni kibi Barundi! IHANE!

ICAHA CA GATANU:

KUTITAHO IMFUVYI, ABAPFAKAZI, ABANGAJWE!

Ubwo bwicanyi bwose bwatumye haba impfuvyi, abapfakazi, n-abangajwe batari bake mu mahanga no hagati mu gihugu Murabona kuba impunzi mu mahanga imyaka irenga mirongo itatu, mirongo ibiri, abantu bakabona ko ari ibisanzwe Murabona kuba impunzi mu gihugu cawe imyaka irenga cumi, mirongo ibiri irenga, abantu bakabona ko ari ibisanzwe, bakifuza n-uko wo gumayo. N'uwundi muvumo ku Burundi, kuko izo mfuvyi, abo bapfakazi babaye uko kubera urwanko rwa benewabo, urwanko rw-Abarundi hagati yabo ! Si indwano y-abanyamahanga, canke impanuka yabitumye ! N-imitima y-ubunyamaswa buri muba nyepolitike batari bake, ibijuju bikabaha amatwi, bigakora ibidakorwa! Barundi, Barundikazi, Nyankamugayo, ve muri uwo mugayo, twiteho bikwiye ababuze n-abangajwe, mu kuvavanura n-ivyatumye babura canke bangazwa ! Twihane, Abarundi babeho ata bwoba bwa kazoza ! 

ICAHA CA GATANDATU:

KUDAHANA IVYAHA!

Ikindi kibabaje cane kandi giteye n-isoni n-uko ivyaha bikomeye nk-ubwicanyi, ubusuma buhambaye, ukwigisha amacakubiri, bidahanwa uko bikwiye, ugasanga ababigize mwo uruhara aribo baronse ahubwo n-icubahiro. Kuva Uburundi bwikukira haciwe urubanza rw-abishe RWAGASORE, naho nyene ntawuzi ko hafashwe bose, uruhara rw-abanyamahanga ntirwerekanywe bikwiye!  Ivya P. NGENDANDUMWE, ivya NTARE V n'ikiza c-ubwoko ca 1972, ivya M. NDADAYE n-ubwicanyi bw-ubwoko bwa 1993, ivya Musenyeri Y. RUHUNA, ivy-abana b-i  BUTA, n-abandi bategetsi mu gisoda, biracanyegejwe, ukuri ntikuboneka, imanza zarashinzwe!  Abaciye mu Mpimba bazosanga huzuye abivye ibihumbi mirongo ibiri, ababuze karangamuntu, abivye igitungwa, ariko abishe bashikayo barekurwa, abasesaguye bagasahura ikigega ca Leta nta wukozayo ikirenge!  Vyogenda gute, abakuru aribo bereka akarorero k-ubwicanyi n-ubusuma buhambaye!  Barundi, none muremeye ibi bintu bibandanye, muri demokarasi mufise uburenganzira bwo kuraba ivy-igihugu, kuko ari rwanyu!  Mbe ntimuzi ko ari abana banyu bazoriha amadeni y'igihugu atayo bariye?

Kudahana ubwicanyi, bituma atagashumbusho abiciwe baronka, kandi ubwicanyi bukaba ubuhizi ntibuzokwigere buhagarara! Ama komisiyo yari kudufasha yo gutohoza, abategetsi baranse kubishiramwo ubukerebutsi ngo atangure akazi nkuko vyari bitegekanijwe mu masezerano yi Arusha, abo bategetsi hari uwobizera? Twikebuke, twihane kuri ivyo vyaha ! 

IBINDI VYAHA

Hari ayandi makosa ahambaye atuma Uburundi n-Abarundi baguma mu bworo, kandi bafise igihugu cahezagiwe :

Ukwigisha amacakubiri y-amoko, y- intara, y-imiryango, y- idini. Ubusuma muri Leta n- ukutitaho ivy-igihugu. Kutashira imbere Ubushingantahe, Kwemera gutwarirwa mu mahanga, Kwima "IJAMBO" Abarundi.

Barundi, Barundikazi, Nyankamugayo, vavanura n-ivyo vyaha ! Ntimuhe amatwi  abategetsi, abanyepolitike b'abanyavyaha, murabazi ! Ni twihane, kuko tubivuge tubisubire :

 NTA MAHORO Y'ABANYAVYAHA ! TWIHANE TURONKE AMAHORO ! 

You have no rights to post comments

 

  Dr Alphonse RUGAMBARARA,
  Rohero,
  BUJUMBURA, 
  BURUNDI

 Email: Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.
 Website: www.itorero.org

 

 

Mission et Objectifs

C’est une lutte avant tout contre soi-même, pour se reconstruire d’abord, reconstruire les autres, nos Nations et l’AFRIQUE par le Nationalisme, le Panafricanisme et la philosophie de l’UBUNTU

 « L’humiliation du continent africain ne réside pas uniquement dans la violence à laquelle l’Occident nous a habitués. Elle réside également dans notre refus de comprendre ce qui nous arrive » (Aminata TRAORE).