Justice au Burundi en 1972 ?

 

COURRIER DES LECTEURS

 

Trois types de personnes

 

 

65-72 UN SYSTEME (poème) 

 

Pourquoi Tapons-nous Toujours à Côté!

 

 

EN COROLLAIRE A CE POEME

 

 

L'avenir se lit dans les yeux de la jeunesse

 

P.L. RWAGASORE inspire la jeunesse

 

   Nta mahoro kubanyavyaha!!!

 

   Il était une fois...au BURUNDI

 

   Ça va se savoir (1ère partie)

 

  Ça va se savoir (2ème partie)

 

LES 40 JEUNES MARTYRS DE BUTA

 

  LES GENOCIDES AU BURUNDI

 

Accord d'Arusha: Ce qu’il aurait fallu savoir

 

Critique de l'application d'Accord d'Arusha

 

        Les mystère du voyage

     

      Abarundi tugizwe n'Imiryango

 

 

 

 

 

 

 

 

UMUGANWA RUGEMA ARASIGURA IVY'AMOKO MU BURUNDI

ATI: ABARUNDI TUGIZWE N'IMIRYANGO NTITUGIZWE N'AMOKO!

Barundi Barundikazi
Bashingantahe Bapfasoni namwe
Rwaruka rwarukiye mu mananiza y'Uburundi,

                           Abazungu mukudutandukanya mu moko y'Abaganwa, Abahutu, Abatutsi n'Abatwa kwari ukugira biborohere kudutwara no kuduteranya!
Imbere yuko abazungu baza mu Burundi ku Mwami MWEZI IV GISABO, ayo moko ntayarariho, havugwa imiryango kandi umuryango wose warufise ibanga ujejwe i Bwami. Nta muryango n'umwe warukumiriwe canke utarufise ibanga ujejwe i Bwami!
                           Kuba umuhutu, umututsi canke umuganwa vyari bifise iyindi nsiguro atari iy'ubwoko.

Aho hambere, Umuhutu vyasigura umukozi, umurimyi canke umucangero.
Insiguro y'Umututsi nayo yaba ar'Umurundi wese yifise, atunze akagira inka nyinshi n'amatongo. Abakozi bamurimira n'abamuragirira inka yabita abahutu biwe.
                            Mur'abo batunzi bakera (Abatutsi) usanga harimwo abagiye mu bwoko bw'Abahutu mur'iki gihe. Aha twotanga akarorero nko ku Miryango y'Abahanza, Abajiji, Abashubi n'abandi bari bajejwe amabanga akomeye i Bwami, bari bifise bakagira Inka n'amatongo menshi, ntawokwubahutse ngo abite abahutu mur'ico gihe!

Akarorero, n'ubu biracariho, har'abahutu bitanezera kwitwa abahutu, umwise umuhutu aca akubwira ati sind'umuhutu wawe!
Umututsi nawe umwise umututsi aca yumva agatima ari derere kuko umwise (umutunzi) naho yoba akenye!

                        Abazungu mukudutandukanya mu bwoko butabaho, cane cane bagafatira ku bwoko bw'Abahutu n' Abatutsi, bamwe mu Barundi bemeye kwitwa Abahutu kandi ar'abatunzi abandi bemera kwitwa Abatutsi kandi ar'abakene.

Akandi karorero nobaha ni nko kuvyerekeye ubugererwa. Kera mu bagererwa harimwo Abahutu n'abatutsi dufatiye kur'aya moko y'iki gihe. Uwuguhaye aho urima nawe ukamurimira canke ukamukorera iyindi mirimo, wamwita Shobuja nawe akakwita umuhutu wiwe.
Shobuja yashobora kuba ari nko mur'abo Bahanza canke Abajiji biyita abahutu uno munsi nawe umugererwa ukaba uri mur'abo biyita Abatutsi mur'iki gihe.

                      Ku Ntwaro y'Ubwami mu Burundi, Abarundi bose mu miryango yabo barubahana bakaba magiriranire, bagasangir'ikivi, bagasangir'ikibiri, muvy'imibano bagahana abageni, bakagabiranirana Inka n'ibindi, bagasangira intara, bagahurira ku Mwami umwe, ariwe SEBARUNDI. Umwami niwe yar'inkingi y'ubumwe bw'Abarundi bose.

                         Abahanza, Abajiji, Abashubi, Abavumu bari abishikikira i Bwami co kimwe n'Abanyaruguru barimwo Abanyakarama n'Abenengwe. Bari bifise bakagira abahutu babo. Ubu bagiye mu bwoko bw'abahutu. Ariko aho hambere gushika ejo bundi kw'itembagazwa ry'Ingoma y'Uburundi, Umuhanza canke Umujiji umwise umuhutu mwari kubipfa. Ivyo nivyo vyerekana ko imbere y'uko abazungu baza mu Burundi, havugwa imiryango hatavugwa amoko.
Har'imiryango myinshi vyagoye kugira bemere ko bari mu bwoko bw'Abahutu canke mu bwoko bw'Abatutsi. Bamwe mu Bajiji ntibemera gushik'ubu ko bari mu bwoko bw'Abahutu.

                            Icerekana neza ko atamoko ariho mu Burundi, nuko nkuko benshi mumaze kuvyumva, bishika Umuhutu akihutura, Umututsi akitutsura. Kandi vyamye bishika kenshi n'ubu bikiriho, aho bishika umurundi akabesha ku bwoko bwiwe canke bakihenda ku bwoko bwiwe ufatiye kuri vya bipimo vyamazuru n'uburebure vyashizweho n'abazungu. Akarorero nobaha ni nko kuwatwaye Uburundi Prezida Michel MICOMBERO yatembagaje Ingoma y'uburundi. Amatwi adusumira, abazungu baramwihenzeko bamurungika kuja kwiga amashule yisumbuye ya gisirikare m'Ububiligi bazi ko ar'umuhutu. Ariko wewe yarazi neza umuryango avamwo ko atar'umuhutu.
None mwuva ubwoko umuntu ahindura uko ashatse canke ubwoko bwihisha mu bundi ar'ubwoko bw'ukuri?

                            No kuvyerekeye abaganwa n'uko nyene, nta bwoko bw'Abaganwa bubaho. Gushika ejobundi aho Intwaro y'Ubwami itembagarijwe, abitwa Abaganwa bari ku rushi kuko abo bita Abaganwa bar'abaganwa b'Inda y'Ingoma.

                               Abaganwa baratahira bakitirirwa iyindi miryango. Imbere yo gutahira bamwe muribo babita Abapfasoni. Ariko iryo ntiryari izina ry'umuryango, ryari izina ry'icubahiro kubaheruka gutwara. Iryo zina ry'icubahiro ryarahabwa n'abandi bo muyindi miryango cane cane mu Bishikira, nk'uwubakanye n'umukobwa w'Umwami canke w'Umuganwa.
Ivy'uko lero Abaganwa batahira, ivyo nivyo cane! Ariko ntibacika Abatutsi cank'Abahutu.. Bafata izina ry'umwami wanyuma bakomokako, nk'Abataga, Abezi, Abatare canke Abambutsa. Abatahira usanga bari mu miryango y'Ababibe, Abarango, Abavuna, Abasine, Abakundo n'abandi benshi ...
Umuganwa mubisanzwe yaba ar'Umuganwa atwara canke aherukirako gutwara dufatiye muriki gihe batagitwara. Abo nibo bitwa Abaganwa b'Inda y'Ingoma canke Princes mu gifaransa.
Ivyo bigasigura ko Abaganwa bose mu Burundi ataraba princes kandi bikaba nkavyo nta bwoko bwaba princes bubaho kw'isi!!!

           Akarorero: Iyo bavuze "Umuganwa RUGEMA" nuko nd'umuganwa wo mu nda y'Ingoma nkaba mu muryango w'Abezi. Sind'umuganwa w'ubwoko!

                   Ndemeza ko abarundi tugizwe n'imiryango tutagizwe n'amoko! Ayo moko yashizweho n'abazungu kugira baducanishemwo kandi barabishitseko turavye ukuntu twicana dupfa ubwoko butaribwo kuva Ingoma y'Uburundi itembagajwe gushik'uno musi! Intwaro zakurikiye, ziba izagieho ku gikenye canke mu matora, zose zikoresha amacakubiri y'amoko kugira zigume k'ubutegetsi.

               Akandi karorero nobaha, har'abarundi biyita "Abatutsi" twaganiriye ejobundi kuvyerekeye "ubwoko" bw'abakurakuranywe ku ntwaro kuva Ingoma y'Uburundi itembagajwe, bararahiye bararengwa, bati Abatutsi ntiturigera dutwara mu Burundi! Bati kuva Ingoma y'Uburundi itembagajwe gushik'ubu nta Mututsi aratwara Uburundi! Bakavuga ko abatwaye ico gihe bari mu muryango w'Abahima batari mu bwoko bw'Abatutsi canke bw'Abahutu.
Aha muca mwumva neza ko ayo moko tutayumva co kimwe, arico gituma hakubitako umwanya twokoresheje mu kwubaka igihugu cacu tukereka inzira nziza itagira amacakubiri y'amoko urwaruka rwacu, twova i buzimu tukaja i Buntu tukabana nk'abonserimwe nkuko ba Sokuru baturaze igihugu c'amata n'ubuki kizira ubugunge n'uburyarya, tukavavanura n'ayo macakubiri asibije igihugu cacu.
Uburundi n'umurima w'isangi twahawe n'Imana, twarazwe n'Abasokuru, ntaho tuzoshirana.

                  Birababaje kubona ivangura ry'abarundi mu moko (Quota ethnique) ryagizwe itegeko mukugira ibitigiri vy'abahutu n'abatutsi baja mu nzego z'ihihugu canke ngo baronke akazi gasanzwe. Uko imisi igenda niko Abarundi twitandukanya mu macakubiri y'amoko.
Aho kuraba UBUNTU, ubushobozi (Compétence), ubushingantahe n'ubupfasoni bw'abarongozi n'abajejwe ayandi mabanga y'igihugu, hashirwa ubwoko imbere.

Iryo vangura ry'amoko rifatiye ahanini ku bwoko bw'Abahutu n'Abatutsi vyibonekeza ko aribo bagabura ivyicaro mu nzego z'intwaro, kuko aribo bari mw'Ibwirizwa Ndhingiro bagakwegeramwo Abatwa bagakumira Abaganwa. Ikumirana ry'abarundi nico kibazo kindi gihanze Abarundi.

                          Iyo bamwe mubanyepolitike n'incabwenge bize bariko baragabura ibibanza vy'akazi munzego z'igihugu n'ahandi mu moko, vyungura iki umunyagihugu asanzwe?
Ubwo abo abanyepolitike n'incabwenge batwara igihugu barabona ingaruka mbi iryo vangura ry'amoko ryashizwe mw'Ibwirizwanshingiro ririko riragira mu rwaruka rw'ubu no muri kazoza kabo?
Kazoza k'imibano myiza turiko dutegurira urwaruka rwacu n'akahe?

Tutize kubana nk'abavukanyi, tuzopfa nk'imburakimazi igihugu cacu gitorwe n'abahita!

                    Ingoma y'Ubwami mu Burundi nkuko yagwaniwe n'Inserukarukamvye Umutabazi BIHOME n'Incungu y'ukwikukira kw'Uburundi, Umuganwa Ludoviko RWAGASORE, niyo yonyene yoza isubiza Abarundi hamwe tukaraba imbere kugira twubake igihugu cacu, ntidusubire guta umwanya turondera ibidutandukanya bitabaho. Abarundi nitwisubize agateka ko kwitwa abarundi, dushigikire igarukanwa ry'Ingoma y'Ubwami yamye iharanira iteka n'itekane ry'Uburundi n'Abarundi. .

Ari Umutabazi BIHOME ntiyari Umuhutu canke Umututsi!
Ari Umuganwa Ludoviko RWAGASORE ntiyari Umuhutu canke Umututsi!
Ico tuzi co n'uko izo Ntwari zacu bari Abarundi, biguze Uburundi kugira bakize Abarundi!
Uburundi babuturaze ar'ubw'Abarundi,
Ntibabuturaze ar'Uburundi bw'Abahutu n'Abatutsi!

Barundi Barundikazi,
Bashingantahe Bapfasoni na cane cane mwebwe Rwaruka Burundi bw'ejo,

Turasubiriye kubatera akamo, mugwanire amahoro arama kuri twese, mwanke mwivuye inyuma iryo vangura ry'amacakubiri asibije igihugu cacu, tuve i buzimu tuj'IBUNTU, twisubize iteka, Dusubire ku Ngoma y'Ubwami ihuz'imiryango.

Muribuka amajambo ya nyuma y'Umuganwa Ludoviko RWAGASORE yasize avuze Uburundi butaragwa mw'isanganya, yavuze ati:

"IMANA n'idufashe ituje imbere, maze
UMWAMI wacu Sebarundi, arambe ahangame ku Ngoma,
UBURUNDI ntibwigeze bugwa mw'isanganya"

***********

GUTEMBAGAZA INGOMA Y'UBURUNDI KWABAYE UGUSENYURA UBURUNDI.
KWUBAKA UBURUNDI N'UGUSUBIZAHO INGOMA Y'UBWAMI.

Tugire IMANA, UMWAMI, UBURUNDI.

Umuganwa RUGEMA

You have no rights to post comments

 

  Dr Alphonse RUGAMBARARA,
  Rohero,
  BUJUMBURA, 
  BURUNDI

 Email: Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.
 Website: www.itorero.org

 

 

Mission et Objectifs

C’est une lutte avant tout contre soi-même, pour se reconstruire d’abord, reconstruire les autres, nos Nations et l’AFRIQUE par le Nationalisme, le Panafricanisme et la philosophie de l’UBUNTU

 « L’humiliation du continent africain ne réside pas uniquement dans la violence à laquelle l’Occident nous a habitués. Elle réside également dans notre refus de comprendre ce qui nous arrive » (Aminata TRAORE).